Abanyororo 56 harimwo 10 bagendana ingwara zo mu mutwe ni bo barekuwe vy’agateganyo kuri uyu wa 10/04/2023 mw’ibohero rikuru rya Gitega.
Umushikirizamanza mukuru wa Republika Sylvestre Nyandwi amenyesha ko ico gikorwa cari kimaze imisi gikorwa mu yandi mabohero mw’isekeza ryo gutezurira abanyororo rimaze amezi abiri rikaba risozerewe i Gitega.
Naho biri uko ngo bagiye kubandanya ico gikorwa mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vy’abanyororo bari mu mabohero. Akamenyesha ko mu gihugu cose abagera ku 536 ari bo begwa n’iyo ngingo.
Abo banyororo barekuwe basabwa kwitwara neza mu kibano, kubandanya bitaba ubutungane, abafise indishi batarariha nabo bahamagarirwa kuja gukora imirimo bakayiriha kuko biri mu bizotuma sentare ibacira inkoni ngufi.
Ku cizere c’uko ibitigiri vy’abanyororo bizogabanuka ku buryo abariyo bangana n’ibitigiri vyategekanijwe mw’iyubakwa ry’ayo mabohero, umushikirizamanza mukuru wa Republika avugako hakiri intambamyi kuko hari beshi bagirizwa ivyaha bikomeye batarabwa niyo ngingo yo kurekurwa vy’agateganyo hakaba n’abandi usanga basabwe indishi niniya bitoroshe kuyironka.
Kur’abo basabwa indishi nini ngo bagiye kubandanya basigurira abakorewe ivyaha kugira batahure ko borekurwa bakaja gukora bakarondera iyo ndishi.